Burundi : Bamwe mubakorera OBUHA kuva kuwa 2 mukakaro 2021 bazoja mw’ibarabara

Burundi

Kw’igenekerezo rya 24 rusama 2019 niho hashingwa ikigo ca reta gishinzwe gutunganya ibisagara, uburaro no kwubaka inyubako za reta mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu N°100/079. Ejo kuwa 2 mukakaro 2021 ico kigo kikazokoresha abakozi bashasha mugihe cashinzwe hateranijwe(fusion) amashirahamwe atahomvye nk’uko bivugwa n’abatagize amahigwe yo kubandanya.

Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, guhera ejo kuwa gatanu igenekerezo rya 02 mukakaro 2021, ntamukozi atari muri bashasha canke yatoye ikibazo azokwemererwa kwinjira muri OBUHA. Umushikiranganji ajajwe gutunganya ibisagara aheruka gutumako abakozi bose batashoboye gutora ikibazo co muri OBUHA hamwe n’abatahawe amahirwe yo kugikora bahoze bakorera amashirahamwe yashizwe hamwe mugushiraho OBUHA ariyo : SETEMU, SIP, Ubuyobozi bukuru bwo gutunganya ibisagara n’uburaro(DGUH), Isuzumiro ry’inyubako n’ibikorwa vya reta(LNBTP), Ubuyobozi bukuru bw’inyubako(DGB) na ECOSAT. Akaba yabasavyeko bokwiyandisha bagacagura gushirwa muri fonction publique canke mubatekererwa nabo bagasaba kuronswa impapuro zerekana ko bakoreye reta, ivyo umushikiranganji atumva kandi atabemereye.

Kuva mukwagatanu 2019 abo bakozi bagira birukanwe muri OBUHA babandanije bakora akazi ukuri kwamye batanga raporo muri OBUHA bahebwa na OBUHA ariko amakonte akandikwako ko ari abakozi bahora bakorera ayo mashiramwe twababwiye.

Abo bakozi bakaba batumva ivyo bariko barakorerwa, bagasaba umukoresha wabo yabakoresheje kuva muri rusama 2019 kubatekerera uko amategeko abivuga mugihe adashoboye kubareka ngo babandanye akazi, ubonako harimwo abakoreye reta imyaka irenga mirongo ibiri.

Bamwe muribo babonako batawe mumutego ngo bazokwitweko bagararije reta kandi kuva muri rusama 2019 babandanije bakora abandi bakicurako hariko hakoreshwa amayeri yo kwirukana abatutsi gusa. Bagasigura ko amashirahamwe bakorera SETEMU, SIP, Ubuyobozi bukuru bwo gutunganya ibisagara n’uburaro(DGUH), Isuzumiro ry’inyubako n’ibikorwa vya reta(LNBTP), Ubuyobozi bukuru bw’inyubako(DGB) na ECOSAT zitahomvye, zikiriho gusa zahindiye izina rero ngo ntitumva ingene botaha nk’abavuye kuragirira yinarume, ntibaronswe n’ikintu na kimwe cerekana ko bakoreye reta.