Burundi : Ishirahamwe SOSUMO rirangura isukari hanze, habuze amafaranga y’agaciro

Burundi

Ishirahamwe SOSUMO rihingura rikongera rikadandaza usukari rimaze imisi ribura amafaranga y’agaciro yo kurangura usukari yo kwongereza umwimbu riba ryaronse arinaco coba gituma isukari yabuze mu gihugu nka hose aho ibonetse ikiro kigashobora kugurishwa amafaranga 7000 kuri magendu kitategerezwa kurenza 2500FBu.

Nk’uko amakuru ikinyamakuru Itara Burundi dukura muri SOSUMO abivuga, umwimbu uboneka ku mwaka nturenga cane amatoni mirongo ibiri, uwo nawo akaba ari muke cane bikaba ngombwako iryo shirahamwe rija kurangura isukari mu gihugu ca Malawi hanyuma rigahindura imifuko yajemwo, rikayidandaza yanditseko ko yahinguriwe muri SOSUMO, iyo nayo ikaba idandazwa mu gisagara ca Bujumbura.

Ari hamwe umurundi wese yoronswa isukari, umwe yoronswa ikiro kimwe n’amagarama amajana atandatu kumwaka (1.6 kg/an) ku mwaka dufatiye ku matoni ibihumbi mirongo ibiri kumwaka (20milles tonnes) iryo shirahamwe ryimbura tuyigaburiye abarundi bagereranywa mu miriyoni cumi na zibiri(20 000 000Kgs/12 000 000=1.66kgs).

Kuber’iki ishirahamwe SOSUMO ritaduza umwimbu w’isukari kandi ryunguka?

Imvo zitatu nyamukuru nizo ikinyamakuru Itara Burundi cashoboye kubatohoreza :

Ubwambere: Amafaranga nka yose yinjira iyo ishirahamwe SOSUMO ryimbuye usukari aca ashirwa kumakonte ya reta ikayakoresha ibindi bitajanye n’ibikorwa vyaryo gurtyo ibikorwa vyo kugwiza umwimbu nko kwagura indimo z’ibikaju, kugura imashine nshasha no gusanura izihari bica bihagarara mugihe abakoresha isukari babandanya biyongera ku musi ku musi. Bikaba binashoboka ko hari n’abagabura inyungu ku mwaka mugihe boba barashizemwo umutahe w’amamiriyoni 20 y’amadorari y’abanyamerika nk’uko inama nshingamateka yavyemeje mu mwakwa wa 2018.

Ubwa kabiri: Ishirahamwe SOSUMO ryiharije isoko y’isukari kandi rifise ingorane; rirangura isukari hanze kandi amafaranga y’agaciro atayo rironka bitewe n’ivyo twababwiye haruguru. Abagwizatunga bafise imitahe nabo ntibaronswe uruhusha rwo kuja kuyirangura, ivyo bigatuma rikora ryonyene atawe ritinyako yoritwara abaguzi.

Ubwa gatatu: Ishirahamwe SOSUMO ryama rirongorwa n’umunyepolitike(Mandateur Politique) aba yagenywe n’umukuru w’igihigu. “ Bama bihutira kwiyegeraniriza ubutunzi, bitekerera aho kwitaho inyungu z’ishiramwe” uko amakuru twaronse muri SOSUMO avuga.

Ikiro c’isukari categerezwa kugurishwa 2500FBu har’aho gishikana 7000FBu kuri magendu canke ntinaboneke, ubu aho itanzwe kumugaragaro umuntu akaba ataronswa iyirenge ikiro kumafaranga 2500FBu kandi hari abanyagihugu bakenera gukora ibitumbura, imikate n’ibindi bagurisha bisaba isukari nyinshi.

Twobamenyeshako igipolisi kimaze imisi cerekana aho gisesa inzoga zitemewe n’amategeko kivugako ariho haja isukari nyinshi bigatuma ibura ariko bikaba bitatumye iboneka kw’isoko, abenshi bakaba barahevye kunywa icayi kukubura isukari.