Burundi : Abantu barenga 15 barapfuye 33 barakomereka, inzu zirabomoka kubera isegenya.

Hamaze imisi harwa imvura y’isegenya mu gisagara ca Bujumbura, aho amazi amaze kubomora amazu agahitana n’ubuzima bw’abantu.

Mw’ijoro ryo kuwagatandatu igenekerezo rya 21/12/2019 honyene uruzi Cari ruri hagati ya karitiye Nyabagere na Uwinterekwa rwarataye inzira ruhitana abantu 15 barapfuye, 33 barakomereka inzu zirenga 130 zirabomoka. Hari n’abantu bataratorwa inyuma y’ico kiza.

Iyo segenya ikaba yatanguye kugwa kw’igenekerezo rya 19/12/2019 aho imaze kwonona ibitari bike muri Bujumbura, imiryango myinshi ikaba ikeneye imfashanyo yihuta harimwo n’aho ikika umusaya n’ibifungurwa kuko ataco basigaranye.

Ivyo bikaba mugihe ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza ataribwo bukurikirana ibijanye n’ibirere(ISABU) kandi bikavugwako ubushikiranganji bw’ibidukikije ataribwo buraba ivy’inyubakwa, ibijanye n’inyubakwa no gutunganya ibisagara bikaba biheruka kujanwa mubiro vy’umukuru w’igihugu mu kwa gatanu 2019 mugisata citwa OBUHA cegeranirijwemwo ibisata bitandatu harimwo ECOSAT, URBANISME, SETEMU na SIP ariko gushika ubu gikora muburyo budatomoye nk’uko amakuru adushikira abivuga.

Ababona ibintu n’ibindi bakavugako ubushikiranganji bwinshi bushirwaho kugira haboneke ibibanza gusa mugihe ingingo ziburaba zifatirwa ahandi.