#Burundi: Ikambi y’imbonerakure muri komine Matana, ziryamiye amajanja.

Hoba hari ikambi y’imbonerakure z’umugambwe CNDDFDD iri muri komine Matana mu ntara ya Bururi ziryamiye amajanja muri ino misi.

Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, izo imbonerakure ziri muri komine Matana zisanzwe zikora ubuzi busanzwe ku murango ariko mw’ijoro zikaba zifise aho zihurira gukurikirana inyigisho no « gukora misiyo zitandukanye » .

Izo imbonerakure ziva muntara zitandukanye kandi zikaba zifise imyambaro isanzwe iziranga atari iy’inzego z’umutekano , zonyene akaba arizo zimenyana, iyo zironse misiyo cane cane mw’ijoro bikavugwako ziheza zikaronswa imyambaro y’igisoda canke y’igipolisi.

Amakuru adushikira akavugako izo mbonerakure zitaweho nk’uko zoba ziteguriye urugamba rukomeye kandiko zitoba ziri munsi y’amajana atatu ariko nyinshi uko zihejeje imyimenyerezo zoba zica zisubira mu ntara iwabo zigasubirirwa n’izindi.

Turacarondera abajejwe intwaro kugira twumveko ibikorwa izo imbonerakure ziririmwo babizi.