Burundi : Ikigo OBR catanze umuco ku mudandaza yishuzwa 52 683 428 783FBu y’amakori

Burundi, Amakuru

Inyuma y’indwi hasohotse itangazo risaba umunyagihugu yitwa Nitereka Charlotte kwihutira kuriha amakori aheranye arenga imiriyaridi mirongo itanu na zibiri z’amafaranga y’amarundi bataramufatira ubutunzi bwiwe, Stany Ngendakumana, umuvugizi w’ikigo ca reta kijejwe kwegeranya amakorin’amatagisi, OBR carisohoye yagize ico ashikirije.

Amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi amenyeshako inumero ndangamudandaza yari mw’itangazo OBR yashize ahabona kuwa 03 myandagaro 2021 y’umupfasoni Nitegeka Charlotte itigeze ibonekako yakoreshejwe mur’udandazwa rwo kurangura hanze. Urudandazwa yakora rwotuma yishuzwa amakori arenga imiriyaridi 52 z’amafaranga y’amarundi(52 683 428 783FBu) bivugwako hari ibihangange muri reta y’uburundi borubazwa atari uwo mupfasoni na cane cane ko binuganugwako yoba yashora ubutare hanze, urudandazwa rurimwo igipfungu(Tuzobigarukako).

Nk’uko tubisanga kumbuga zitandukanye z’ikigo ca reta kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi OBR, umuvugizi warwo Stany Ngendakumana yamenyeshejeko idosiye ya Nitegeka Charlotte yatanguye mu mwaka wa 2012 aho yagirizwa kugira urudandazwa rwa magendo , agasabwa kuriha imiriyaridi umunani z’amafaranga y’amarundi(8 000 000 000FBu) nawe agaca ahitamwo guhindura numero za terefone, agahindura n’aho akorera.

Uwo muvugizi wa OBR yemejeko amatangazo amaze imisi atembera kumbuga ngurukana bumenyi ar’ay’ukuri kandi yasinyweko n’umuyobozi mukuru waryo agasaba n’abandi badandaza kuriha amakori bitarinze kuja ahabona nk’uko vyabaye akaba atamenyesheje ivyo Charlotte Nitereka yadandaza.

Ikinyamaku Itara Burundi ntitwashoboye kuronka uwo muvugizi wa OBR kugira tumubaze ibibazo abantu benshi bibaza kur’iyo dossiye nk’uko amakori yishuzwa yavuye kumiriyaridi 8 agashika kuzirenga 52, ukuntu bamenye ko afise ivyo bomufatira mugihe atoriha ayo mafaranga kandi bavugako bamurondeye bakamubura.