Burundi : Abigisha bagiye gukoreshwa ikibazo imbere yo gukarihirizwa ubwenge

Inyuma y’ibiganiro bimaze imisi hagati ya reta n’amasendika aserukira abigisha, kur’uyu wa mbere igenekerezo 14 ruhuhuma 2022 muri hoteri source du Nil, basinye amasezerano yemezako abigisha co kimwe n’abandi bakozi bo mu bushikiranganji bw’indero n’ubushakashatsi bagiye kuzokoreshwa ibibazo imbere yo gukarihizizwa ubwenge.

Ivyo biganiro vyari birongowe na Sylvestre Ntibantunganye umukuru w’umugwi CNDS(umugwi w’igihugu ujejwe ibiganiro ) inyuma y’aho umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye amenyesherejeko abigisha baramamutse banse gukurikirana inyigisho nkarishabwenge reta izoca iziha abashomeri akaba aribo baca binjizwa mukazi k’ubwigisha. Abigisha baserukiwe na Victor Ndabaniwe, umukuru w’urunani rw’amasendika COSESONA reta nayo iserukirwa n’umushikiranganji w’indero n’ubushakashatsi Dr François Havyarimana.

Sylveste Ntibantunganya yahoze ari umukuru w’igihugu ubu akaba arongoye umugwi CNDS aho yari muri Hotel Source du Nil. 

Ni mu gihe abigisha nabo bari baramenyeshejeko barinze gukoreshwa ibibazo bazoca bagira yegereyegere bamenyeshako gukarihirizwa ubwenge ari uburenganzira bwabo hatari kurinda gukoreshwa ibibazo.

Inyuma y’ibiganiro n’amasezerano, izo nyigisho zikaba zigiye gutunganywa, ibibazo bizokoreshwa ngo bikazoba ari ugufasha abazotanga izo nyigisho kugira bemenye ivyo bazofatirako mu kwigisha kandiko izo nyigisho mubitumye zitunganywa harimwo ubumenyi buke bw’abigisha, ubukene bw’ibikoresho, kwunguruza abanyeshure ikivunga,  ingorane zashikiye igisata c’indero  mu ntambara zagiye ziraba mu Burundi na cane cane kuva 1993 gushika 2003.