Ikiganiro umubano N°0014 : Yari yahevye umugore wiwe arongora uwundi none barasubiranye, uwakabiri baravanye

Mu kigano umubano N°0014 tubashikiriza ikiganiro kuwo twise Bénoît yari amaranye umwaka n’igice na Bénigne hanyuma ahitamwo ko bavana. Ubu akaba yaramaze amezi umunani abana na Doriane none yahisemwo kumuheba asubirana na Bénigne.

Mugihe Bénoît yahebanye na Bénigne vyanseko babana, Doriane(amazina  yose  ni amatirano) yabonyeko umugabo wiwe n’ubwo yamubwiyeko bahebanye n’umugore wambere, bagifitaniye imigenderanire idasanzwe, bavugana kenshi bimutera amakenga.

Doriane ico yakoze yakoranije abantu ababwira amakenga afise k’umugabo wiwe Bénoît uwo nawe ati: « nakare narindushe, ndaguhevye » baba baravanye asubirana n’uwambere twise Bénigne.

Gira impanuro mutanze n’ubwo batagisubirana kugira n’ejo uwo vyoshikira ashobore kumenya uko yokwifata.