Burundi : Abikitse mu kiza mukuduza ibiciro ry’ifumbire FOMI bagiye kuvugutirwa umuti.

Ikinyamakuru Itara Burundi duherutse kubashikiriza amakenga y’abanyagihugu ko batizeye kwimbura kubera bakoresheje umwavu w’ikizugu uhingurwa n’ishirahamwe FOMI, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yaciye asaba ababuramatari b’intara zose zo mu Burundi hamwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura gusaka no guhasha abikekwako bikitse mu kiza mukuduza ibiciro vy’uwo mwavu.

Mwikete N° 530/2745/CAB/2019 ryo kw’igenekerezo rya 19/11/2019 umushikirangaji w’intwaro yo hagati mu gihugu, gukundisha igihugu n’iterambere ry’abanyagihugu yandikiye ababuramatari bose hamwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura agaha kopi umukuru w’igihugu n’ivyegera vyiwe bibiri,  abamenyesha ko « mu gihugu cose haribonekeje  ukwikika mukiza mu kuduza ibiciro vy’umufuko w’ifumbire FOMI aho wagurishijwe amafaranga agwijwe hafi kabiri, ni ukuvuga ibihumbi mirongo ine(F40000) kandi wari kugurishwa ibihumbi mirongo ibiri n’icenda vy’amafaranga y’amarundi(F29000).» aho akavugako ari ku mufuko w’ibiro mirongo itanu(50Kgs).

Pascal Barandagiye arongoye ubwo bushikiranganji abandanya iryo kete asaba abo bategetsi gukoresha ububasha bafise mukwubahiriza ibiciro vyashinzwe na reta hamwe no guhana abo bose bikekwako bikitse mukiza kurya bahana abakoze urudandazwa rwa magendo.

Agirako abasaba ko bokorana n’inzego zijejwe umutekano bagasaka abafise iryo fumbire bose bikekwako bikitse mu kiza bakarigurisha icamunara co kimwe n’abadandaza isima yo mubwoko bwa BUSEKO kugira ububiko busigare bugaragara.

Tubamenyesheko uwo mushikiranganji ataco yashikirije kuvyerekeye abatanze amafaranga yabo imbere ariko bataronkejwe ifumbire ya FOMI co kimwe no ku myidogo y’abanyagihugu bamaze gukoresha uwo mwavu  wa FOMI ariko bicurako utoba ukwije ibisabwa baravye imirima yabo ukwisa.