Burundi: Aborozi bariko barajuragirika

Burundi

Mugihe hari itegeko bwirizwa N°21 ryo kuwa 4 gitugutu 2018 risaba aborozi bose kugaburirira ibitungwa mu mpongore ryasinywe n’umuhisi Petero Nkurunziza rikaba ryatanguye gushirwa mungiro kw’igenekerezo rya 04 gitugutu 2021 hari aborozi co kimwe n’abajejwe intwaro bataramenya uko bitunganijwe narirya ingingo mperekeza ry’iryo tegeko zitarashirwa mungiro, aborozi bamwe bagumije mu mpongore ibitungwa vyabo abandi baba barabangiriye hakaba n’abandi bariko barabishora n’ababihungisha.

Amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi avugako hari ubwoba muborozi kubera iyo ngingo itaje kuborohereza; Nubwo ingingo ya 36 y’iryo tegeko ivugako hazobanza gufatwa ingingo mperekeza kugira iryo tegeko rishirwe mungiro, hari abanyagihu batarigishwa uko babigenza, bikavugwako inka zimwe zimwe ziri mukwicwa n’inzara atan’indwi iheze zitanguye kwugaranirwa mu mponore kukubura ubwatsi.

« Reta yategerezwa kuba yarakwiragije abafundi b’indimo n’abize ivy’ubworozi kumitumba yose yo mu Burundi, bagahimiriza abanyagihugu gutera ubwatsi bw’ibitungwa, bakanabigisha ibijanye no gutungira ibitungwa mumpongore ariko ntacakozwe » Umwe muborozi yavuganye n’ikinyamakuru Itara Burundi

Twobamenyeshako bamwe mubajejwe intwaro bavugako gutunganya ama padoki ni ukuvuga uburagiro butarimwamwo canke ngo burangurirwemwo uwundi mugambi atari ubworozi abandi bakavugako kizira kuragira mubwatsi bw’umubanyi gusa, ivyo vyose hari abanyagihugu batarabironkera umuco ari naco gituma bamwe batanguye kugurisha ibitungwa abandi babihungisha