Burundi : Amagorwa y’abahejeje kaminuza mur’ino myaka

Abanyeshure baheza amakamiruza mur’ino myaka baridogako imapuro z’imitsindo ziteba kuboneraka zitarasinywako n’ubushikiranganji bw’indero imyaka umunani inarenga igashobora guhera uwahejeje kamiruza atararonswa urupapuro rw’umutsindo yakoreye kandi atadeni afitiye reta.

Ikinyamakuru Itara Burundi twaronse amakuru avugako hari abaronka amahirwe yo kuja kwiga canke gukora hanze y’uburundi bakabura impapuro z’umutsido abandi nabo berekanye izo baronse bagasanga handitseko imyaka itanu iri inyuma yaho bahereje amashure kuburyo abazobona baca bibazako uwo munyeshure yadubuye imyaka myinshi nubwo atadubura na rimwe.

Barasaba reta y’uburundi gufata ikibazo cabo mu ntoke bashinge umugwi atakandi kazi ufise atari gusinya kumpapuro z’imitsindo ziryamye mumakaminuza atandukanye hamwe no mu bushikiranganji bw’indero, bakabonako iyo ngendo yari iyakera aho batipfuza umunyeshure aja mumahanga atarasubiza amafaranga yizeko kuko haba hari ubuzi ariko ubu umuntu agira kwicarana amadeni afitiye reta n’urupapuro rwemezako yahejeje kaminuza ataco rumufasha kurondera ubuzi ashaka.