Burundi : Hari ireresi iriko irakinwa mw’isoko yo mu Ruvumera

Burundi

Kuva aho ikinyamakuru Itara Burundi gishikirijeko hari imyidogo y’abadandaza bo mw’isoko yo mu Ruvumera muri zone Buyenzi komine Mukaza kubijanye nuruhombo batezwa n’abavanderi kw’igenekerezo rya 17 nyakanga 2021, Léonidas Minani atwara iyo soko afadikanije na Jean Bosco Barege akora mubiro vy’uwutwara igisagara ca Bujumbura baciye bategura ireresi yo guhinyuza ivyo twabashijirije kumbure kugira inzego zo hejuru ntizimenye ukuri.

Burundi, amakuru
Abavanderi badandariza mw’isoko yo mu Ruvumera, ifoto yo kuw’Imana igenekerezo rya 03 Gitugutu 2021.

Ikinyamakuru Itara Burundi camenyeko iyo haza kuza abategetsi mw’iyo soko iba isa neza kuko Léonidas Minani avuze ati ntihagire umuvanderi aza guhagarara munzira uno munsi, baramwumvira cane, abategetsi baza kuhashika batamenya n’ikintu na kimwe cerekeye akajagari kaharangwa kiretse ahoroye amazi yo kuzimya umuriro wo kwaduka hahawe abadandaza.

Mu bashitsi baheruka kujanwa amur’iryo soko bavuye mubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere rusangi hamwe n’abo mubiro vy’umukuru w’igisagara ca Bujumbura mundwi iheze, ntakintu c’abavanderi cigeze gicishwa mu kanwa.

Intumwa n’ubushikiranganji hamwe n’iz’igisagara ca Bujumbura mw’isoko yo mu Ruvumera kuwa 29 nyakanga 2021.
Crédit photo: Mairie de Bujumbura

Ubu Léonidas Minani atwara iyo soko yatanguye ivyo kunyaga abadandaza bo mur’iyo soko aho kuyitunganya neza kugira abatagira aho badandariza abitange hejuru barabe aho bobimurira kugira umudandaza wese afise ikibanza akore yunguka ashobore kuronka makori n’amatagisi asabwa.

Twobamenyeshako uko isoko yaritunganijwe icuzura ubu uwo komiseri wayo yamaze kuyipanga uko wenyene avyishakiye akabwira abadandaza bafise ibibanzako abavanderi aribo batanga amafaranga menshi kubarusha.

N’ubu abadandaza bo mw’isoko ya ruvumera babandanya basaba abategetsi bo hejuru gushika k’umukuru w’igihugu ko borungika intumwa mw’ibanga batateguje Léonidas Minani kugira birabire ko boba barira busema.