Burundi : Uwutarungitswe na reta kwiga, urupapuro rw’umutsindo aronka ntaco ruba rumaze?

Burundi, amakuru

Mu gihe kw’igenekerezo rya 24 nyakanga 2021, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ari muri reta zunze ubumwe za amerika yahamagariye incabwenge z’abarundi aho ziri hose kugaruka guteza imbere uburundi akanabagereranya n’abakobwa bacikiye, umukuru w’inama nshingamateka Daniel Gelase Ndabiraba wewe akaba yerekanye ibihushane mukugabisha umukozi w’inamashingamateka Apollinaire Nishirimbere(umwe wenyene ava mu ntara ya Bururi mubakozi bakuru bashika 60) ko atazogaruka kuhakora kubera yaronse uko yiga mu bufaransa bitamuciyeko. Ivyo bikaba bije vyiyongera ku ingendo y’abakoresha banka kuduza mukazi abakozi bitwajeko bagiye kwiga kugushaka kwabo.

Haravugwa imyidogo myishi mubakozi harimwo n’abareta batari bake bagiye kunonosora amashure yabo, bazamye impapuro z’imitsindo zisununuye, abakoresha babo bakanka kubaduza mukazi, ugasanga nk’umwigisha yiyongeje muri kaminuza (Master) haba hanze canke mu Burundi, agarutse agumye yigisha ishure ritoya(ECOFO, iry’imyuga,…) nahone atomboye agasubizwa mu kazi, hari abadasubira kuronswa akazi ngo ntibatumwe n’umukoresha wabo kwiga ahubwo bagasanga barafuswe mu kazi nk’uko vyoba bigira bishikire Apollinaire Nishirimbere.

Uwutarungitswe na reta kwiga, urupapuro rw’umutsindo aronka ntaco ruba rumaze?

Amakuru ava mu nama nshingamateka amenyeshako Apollinaire Nishirimbere yatanguye gusaba ikonji yo kwiga mukwezi kwa kane 2021, umukuru w’inamanshingamateka Daniel Gelase Ndabirabe akamwankira, agasaba agasubira nwe akamwankira ariko gutanga imihoho, ibibonekako nayone atayemeye uraye ikete ryo kumugabisha yanditse kuwa 23 nyakanga 2021 amubwirako atanemerewe no guzosubira kuhahonyora.

Tubajije Apollinaire Nishirimbere ico avuga kuriryo kete rimugabisha yishuye ikinyamakuru Itara Burundi ati: « Ntavyo guterana amajambo nkeneye ». Twagerageje kurondera umuvugizi w’inama nshingamateka kugira tumubaze ubwoko bw’amasererano y’akazi inama nshingamateka y’uburundi bari bafitaniye n’uwo mukozi kuburyo kuja kwiga hanze vyotuma ahanishwa igihano co kutazokwongera kuhahonyora turamubura. Inkuru tuzogarukako.

Ivyo bibaye mugihe hari abanyeshure bize hanze babuze impapuro z’imitsindo kubera kaminuza y’uburundi yanse kwishura amabaruwa bandikirwa n’amakaminuza bigamwo yemezako abo banyeshure baba barahize. Ivyo vyose bigashobora kuba intambamyi ikomenye cane ku gihugu aho urwaruka n’abakozi ba reta bagira intege nke zo kwijukira imbuga ngurukanabumenyi ngo barondere uko baja kwiga hanze kunyungu z’igihugu batinyako bagarutse mu Burundi batoronswa akazi nk’ako bahorana.

Ikindi twobamenyesha n’uko umukuru w’inamanshingamateka agira kabiri mu gihugu inyuma y’umukuru w’igihugu.