Burundi: Yaciriwe amande ya 100000FBu kubera atasavye uruhusha mugushora amavoka yiwe

Mu kwezi guheze twarababwiye umunyagihugu wo muri komine Mugamba intara ya Bururi yaciriwe amande y’ibihumbi mirongo itanu azirako yaravye nabi umupolisi, uwo muri komine Buhiga nawe yaciriwe amande nintwaro y’ibihumbi ijana (100000FBu) kur’uyu w’Imana ngo yashoye amavoka yiwe adasavye uruhusha muri reta.

Igitasi co kuriha amande ibihumbi ijana kuciswe « Vente des avocats sans prémision administrative » muri komine Buhiga

Nk’uko muvyisomera kugitasi N°956854 catanzwe na komine Buhiga yo mu ntara ya Karusi, umunyagihugu yitwa Gatoke Rémegie yaciriwe amande yoba atabaho y’ibihumbi ijana(100000FBu) kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 07 Munyonyo 2021 azirako yashoye amavoka adasavye uruhusha mubajejwe intwaro.

Tubibutseko amande asigaye acibwa abanyagihugu amenshi ari mashasha kuburyo hari abibazako amatagisi n’amakori nayone azohora atangwa harinze gucibwa amande, bibandanije atagikozwe bigashobora gutuma abanyagihugu bagafata reta nk’intwaro y’igikenye.