Burundi : Ibanki BIJE yitiriwe urwaruka ariko nirwo rwambere ruyidogera

BURUNDI

Nkuko amabanki menshi yidogerwa n’abanyagihugu ko akora nabi, na banki nshasha BIJE yitiriwe urwaruka niyo yambere yidogerwa n’urwaruka ko itarworohereza nk’uko yabivuga igitangura. Abakozi bayo bararukuriye inkoni kugishitsi, ingurane ihabwa uwushobora kuyishura kandi afise ingwati co kimwe n’ayandi ma banki.

Ikinyamakuru Itara Burundi carabwiwe n’urwaruka imyidogo rwidogera ibanki shasha irwitirirwa. Nubwo isaba inyungu nto ku ngurane, 7% iyo hageze kwishura igasaba inyungu kuyararishurwa gusa, urwaruka ruvugako itarworohereza mukuronswa ingurane kandi rutoroherezwa iyo ruri muntara mugukorana nayo. Rwidoga ruvugako ingwati rusabwa atazo rworonka.

« Reka reka nibimwe vy’ibihendwa abana ngo……nibande bamaze kuronswa ingurane na BIJE ? Imeze nk’izindi banki. Ni abasuma mubandi.» bimwe muvyo twabwiwe n’umunywanyi w’iyo banki arenza imyaka ya 35 ifatirwako mukuronswa ingurane kuri 7%.

Kubw’abakozi ba BIJE, abahanuzi babasitanteri muvyo bajejwe harimwo iterambere bari bakwiye kumenyako amakomine afise imitahe ya 85% muriyo banki bagahimiriza urwaruka kwijukira imigambi, urwaruka rukamenyeshwako atangurane ruzokwigera ruronswa rudatanze ingwati. Nibo bakwiye gufata mumugongo urwaruka, rukanabishinga iyo bibanye ngombwa.

Abakozi ba banki y’urwaruka bamenyeshako iyo banki atari ishirahamwe ryo gufasha urwaruka ahubwo ko ari ibanki ikorera inyugu arico gituma baha ingurane umunywanyi akwije ivyangombwa kandi babonako azokwishura, arico gituma atawotangara asanze abatama aribo bafise amakonte muri BIJE