Burundi: Basaba reta Mvyeyi/Nkozi ko yokwirinda kuzokwitwa « Reta Mbeshi/Nkozi y’ikibi »

Mugihe reta Mvyeyi Nkozi yaraye yugurure umwaka w’ubutungane 2020-2021 kw’igenekerezo rya 2 gitugutu 2020, mungoro y’amakoraniro mu Kigobe, abanyororo bobo basaba reta gushira mungiro ivyo yiyemeje mukwirinda kuzokwitwa « Reta Mbeshi/Nkozi y’ikibi ».
Amakuru ikinyamakuru Itara Burundi gikura muri rimwe mumabohero yo mu Burundi amenyeshako abanyororo batakiriye neza iyugururwa ry’umwaka w’ubutungane 2020-2021 mugihe ivyo nyakwubahwa umukuru w’igihugu Évariste Ndayishimiye yari yemeye arahira bitashizwe mu ngiro.
« Nakamaramaza mubutungane bw’i Burundi aho Évariste Ndayishimiye aja kwugurura umwaka w’ubutungane hari abanyoro benshi bafunzwe bazira ubusa . Bamwe banse gucirw’imanza, abahejeje umunyororo banka kubarekura,abafungwa kuko bakorewe amarementanya n’abandi. Reta nishireho urwego ruhurikiyemwo bose kuva muntara gushika kurwego rw’igihugu kugira abarenganijwe barwiture gurtyo reta yirinde kuzokwitwa reta Mbeshi/Nkozi y’ikibi. » ivyo abanyororo basaba.
Tubibutseko amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu aherutse gusohora icegeranyo amenyeshako kuva umukuru w’igihugu aroye kubutegetsi kuwa 18 ruheshi 2020 hamaze gupfungwa abarenga 300, aberega 270 bamaze kugandagurwa, n’abandi bahohotewe ariko ubutungane bukaguma bwiteza utunyoni.
Twobamenyeshako uwo mwaka w’ubutungane wuguruwe na Nyakwubahwa Évariste Ndayishimiye, umukuru w’igihugu akaba n’umucamanza mukuru kucivugo: »Ubutungane buhumuriza bose niryo hangiro(ijambo ry’ikinyarwanda risigura intumbero) rya reta Mvyeyi-Nkozi ». Samurarwa, umukuru w’igihugu Évariste Ndayishimiye akaba atakingogwe arigera aha abapfunzwe kuva aroye kubutegetsi nk’uko abandi bakuru b’ibihugu bama babigira iyo baroye kubutegetsi ubwambere