Umurwi wa ONU ujejwe gukora amatohoza ku Burundi wongewe ikiringo.

Munama igira iya 45 y’umurwi ujejwe agateka ka zina muntu w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yabereye i Geneve mubu Suwisi kur’uyu wa 6 gitugutu 2020, hemejwe ingigo yo kwongera ikiringo c’umwaka umurwi washizwe na ONU kugira ugire amatohoza ku mabi akorwa Burundi.

Uwo murwi ukazoshikiriza ikibazo c’uburundi munama y’umurwi ujejwe agateka ka zina muntu wa ONU igira 46 wongere utange icegeranyo mu nama ya ONU igira iya 76 hamwe no munama  48 y’uwo murwi wayishinze.

« Ni intsinzi idasanzwe ku mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu no kumiryango y’abahohotewe kubona uwo murwi wongewe ikiringo» umwe mubaharanira agateka ka zina muntu yavuganye n’ikinyamakuru Itara Burundi.

Twobamenyesha ko iyo ngingo yatowe n’ibihugu 24, bitandatu birayanka mugihe ibihugu 17 bitavuze aho bihagaze.