Burundi : #COVID19 : Igiciro c’isabune caraduze

Burundi, amakuru

N’ubwo amashirahamwe mvamakungu yari yatanze imfashanyo yo kurwanya ikiza COVID19, isabune ikagurwa amafaranga 300FBu, mur’ino misi ico giciro c’isabune cigwije kabiri, ahandi hafi ya gatatu, atagikozwe vyihuta bigashobora gutiza umurindi irandagata ry’ico kiza ndetse n’indwara ziva kw’isukuru rike.

«Ibanki y’isi yose, ibicishije m’urunani rwashizweho ngo rufashe vyihuta mubihe vy’indara z’akaranda (PEF) yarifadikanije na UNICEF, n’abandi bafasha mw’iterambere eka ndetse n’abikikorera utwabo bo mu Burundi kugira bafashe mukubuza irandagara ry‘ikiza COVID19.»
Tubisanga kurubuga rw’ibanki y’isi yose aho yandika kubijanye n’isekeza ryo gukaraba n’isabune y’ubururu, isabune iheruka kuboneka igurwa amafaranga 300FBu mu kwezi kw’icumi 2020 iyo mfashanyo igitangwa. 

Isabune benshi bazi nka « Gifura nguwo » isigaye igurwa gahati y’amafaranga 600 na 800 bivanye n’akarere, biranashobokako haraho yoba igurwa n’ayarenga, mubitubwire muri commentaires.

Twaragerageje kurondera abarongoye ihinguriro ry’amasabune SAVONOR kugira batubwire ico iryo duzwa ry’ibiciro vy’isabune ryavuyeko turababura.

Abanyagihugu basaba reta gufasha mw’ikorwa ry’isabune kugira ibiciro vy’isabune bisubire hasi gurtyo bashobore kwikingira vyoroshe ikiza #COVID19 hamwe n’izindi ndwara zifatira kw’isuku rike.