Burundi : REGIDESO ihejeje gusohora itangazo riteye ubwoba

Kuri uno wakabiri igenekerezo rya 24/12/2019, ishirahamwe ritanga amatara n’amazi REGIDESO rihejeje kumenyeshako atama unités y’amatara n’amazi rizogurisha kumagenekerezo rya 25 kigarama 2019(Noweli) na 01 nzero 2020(Bonane) mu gihugu cose.

Mw’itangazo rihejeje gushirwako umukono na Mutima Louis, umyuhobozi ajejejwe ubudandaji muri REGIDESO, abakoresha amatara n’amazi basabwa kwitegura bakagura ama unités y’amatara n’amazi barikurikije mugihe ritarashika kure ngo rikwire igihugu cose.

Aho ni mugihe akozi ba reta bari kukazi atavyo bari bazi ngo barabe ko bafise umuyagankuba ukwiye mugihe abajejwe intwaro bategetse abanyagihugu gushira amatara kumpangu zabo, amabarabara akabonesherezwa kumvo z’umutekano.

Iyo ngingo ya REGIDESO, arinaryo shirahamwe ryonyene ryiziziye igisata c’amatara n’amazi mu Burundi igashobora kugira ingaruka mbi haba mu mutekano canke mumagara y’abantu narirya atabuhinga burashikira abanyagihugu bwo kugura ama unités kuri telefone ngo bisahirize iyo abakozi ba REGIDESO batakoze mugihe amatara n’amazi ari ibintu vya nkenerwa mubuzima bw’abantu kandi bikoreshwa cane mumisi mikuru nkiyo.