Burundi: Igisoda c’uburundi casohoye itangazo kuvyavuzwe n’igisoda c’urwanda

Kur’uyu wa 27 ruheshi 2020, igisoda c’urwanda cazindutse kimenyeshako hari umugwi w’abagwanyi wateye mubumanuko bw’ico gihugu uvuye mu Burundi uca usubirayo. Igisoda c’uburundi naco casohoye itangazo kigira ico kibivuzeko.

Mw’itangazo ryasohotse k’ur’uyu mugoroba w’igenekerezo rya 27 ruheshi 2020, Floribert Biyereke avugira igisoda c’uburundi amenyeshako abasoda bacunze neza umupaka bahana n’ibindi bihugu.

Aho ni mugihe igisoda c’urwanda cerekana ivyo cafashe kikavugako hari n’abagwanyi 3 bafashwe.

Amakuru adushikira akavugako abagwanyi bateye urwanda bakiriwe n’abasoda b’uburundi muntara ya Cibitoke muri komine Bukinanyana mw’ishamba rya Kibira.