Burundi: Imishamirano hagati y’uburundi n’urwanda irabandanya.

Mur’iri joro ryakeye rishira uwa 27 ruheshi 2020, havugwa abagizi ba nabi bateye urwanda bavuye bongera basubira mu Burundi hapfamwo bane bakomeretsa abasoda n’urwanda bane.

Nk’uko igisoda c’urwanda n’ibinyamakuru vyaho vyazindutse bibivuga k’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 27 ruheshi 2020, hari umugwi w’abagizi ba nabi waraye uteye isaha munani z’ijoro mubumanuko bw’ico gihugu mukarere ka Nyaruguru ukomeretsa abasoda batatu, bararasana uhatakariza abagwanyi bane n’ibikoresho vyagisirikare harimwo inkoho n’ivyuma vyo gutumatumanako. Uwo mugwi bakavugako wateye uvuye kwipozisiyo y’abasoda b’uburundi iri Gihisi muri komine Bukindanyana intara ya Cibiroke. K’uruhande rw’igisoda c’uburundi ntaco barashikiriza.

Tubamenyesheko imishamirano nk’iyo yabaye kurubibe uburundi buhana n’urwanda muntara ya Kirundo mukwezi kwa kane guheze ariko ivyahononekariye bikaba bitamenyekanye vyose kiretse abasoda babiri b’uburundi vyavuzweko barasiwe mu kiyaga Rweru.