Burundi : Ihinguriro FOMI ryahawe imisi cumi kugira rizobe ryashikanye umwavu w’ikizungu muntara zose

Inyuma y’imyidogo y’abarimyi bavugako batanze amafaranga ya avanse ariko bakabura umwavu w’ikizungu, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere rusangi Gervais Ndirakobuca yashitse ku Buterere aho iryo hinguriro rikorera aca ategekako mu misi itarenga cumi ifumbire izoba yashitse muntara zose.

Hamaze imisi hari imyidogo y’abarimyi batanga amafaranga ya avanse mw’ihunguriro ryigenga FOMI kugira ribakorere umwavu w’ikizungu ariko rikaba ryabacereje abarimyi gutera kuburyo bamwe bamaze kwibazako bazohomba cane hanyuma bakabura n’uwuzobazwa ubuhombe bazogira.

Abanyagihugu bari bamaze imisi bafise ibibazo bitandukanye bimwe mur’ivyo :

  1. Batanga amafaranga imbere yuko FOMI ihingura ifumbire, igakoresha ayabo n’ubwo yigenga ntibumve igituma ibacereza kubaha ifumbire yabo

  2. Ntibumva igituma n’iyo ifumbire ibonetse abantu batanu basangizwa umufuko umwe kandi umwe wese aba afise igitigiri c’imifuko yatangiye avance

  3. Ntibatahura igituma FOMI idatanga ifumbire hasigaye imisi ngo isango yo gutera igere

  4. Ntibatahura igituma hari bamwe baronswa ifumbire ikwiye abandi bakayibura

  5. Ntibazi uwo basosaba inshumbusho hagati ya reta na FOMI mugihe iryo teba ryobahomvya

Ikibazo gishobora kwaduka n’uko bishikirizwa n’umuhinga muvy’ubutunzi yavuganye n’ikinyamakuru Itara Burundi n’uko ihinguriro FOMI rishobora gushira inguvu muri Tanzaniya narirya ribonako mu burundi rikora rihomba bivuye kw’ikena ry’amafaranga y’agaciro mu gihe muri Tanzaniya ayo mafaranga aboneka kw’isoko kandi ariho hari hasanzwe hava ivyo FOMI ihinguramwo ifumbire vyinshi.