Burundi : Abanyororo boba barabenshwe ko baronkejwe ikigongwe c’umukuru w’igihugu kandi atabesha?

Haraciye umwaka n’ukwezi kumwe umukuru w’igihugu atanze ikigongwe ca mbere kubanyororo barenga  5200, mw’ijambo yashiririje umwaka wa 2021 uheze naho yavuzeko hamaze kurekurwa  abanyororo 2700 agirako yemerako abanyororo bose batagirizwa ubwicanyi bagiye kurekurwa bakaburana bidegemvya. Gushika ubu abaronkejwe ico kigongwe baracapfunzwe.

Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, ijambo umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yashikirije rirangiza umwaka wa 2021 aho yemerako abanyororo bose batagirizwa gukora amaraso bazorekurwa bakaburana bidegemvya ntirirashirwa mu ngiro inyuma y’amezi ane. Eka nabamwe barenga 2500 bakwiza 5255 baronkejwe ikigongwe mukwa gatatu 2021 batararekurwa gushika iyi saha.

Mu cegeranyo c’ishirahamwe rukirisu rigwanya ihohoterwa, ACAT-Burundi co mukwezi kwa gatatu 2022 bavugako igitigiri c’abanyororo bapfunzwe ari 11576 mugihe  amabohero afise ubushobozi bwo kwakira abanyororo batarenga 3700. Ibohero ry’i Muramvya ryari ryagenewe kwakira abanyoro 100 dusomako ririmwo 699, ibohero rikuru rya Mpimba yari kwakira abanyororo 800 ririmwo abanyororo 4632, iry’i Ngozi yari kwakira abanyororo 650 naryo rikaba ryari rishitse kuba nyororo 2004 n’ahandi bakaba barenga.

Twobamenyeshako amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu yagumye asohora ivyegeranyo vyerekanako abaronkejwe ikigongwe c’umukuru w’igihugu barekuwe bishwe kubwishi, uwu mwaka naho umukuru w’igihugu akaba atavuze igitigiti c’abanyororo yahaye ikigongwe uko bangana, ivyo vyose bikaba vyabandanije bitera amakenga abatari bake.