Burundi : “Mbega coduga hoho coca kiboneka ?” Umushikiranganji Gervais Ndirakobuca

Duheruka kubabwirako igiciro c’igitoro buca kiduza ibeye, mu nyuma umushikiranganji w’intwaro hagati mu gihugu ari mu natra ya  Kayanza  kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 8 ndamukiza 2022 yaremejeko igitoro ari ngombwa ko kiduza ibeyi ariko yarerekanye amakenga ko nubwo coduga atawuziko kizoca kiboneka anagirako yemezako hari uburyo bushasha buzokoreshwa mukuriha ku modoka.

#ItaraBurundi

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere rusangi, Gervais Ndirakobuca amenyeshako ikibazo c’igitoro arico kw’isi yose. Yanavuzeko hari uburyo bwo kuzorihisha abagenda n’amatagisi hakoreshejwe uburyo bwa none kugira babuze abokwikika mu kiza bakazimba abakiriya.

Tubibutseko twababwiye amakuru ikinyamakuru Itara Burundi dufise ko ingingo yo kubuza amakinga, amamoto n’ama tuk tuk gushika mu gisagara ca Bujumbura yarifise ibiyinyegeje inyuma.  Twari twababwiye ivy’ishirahamwe Wasilii Burundi y’umukozi wo mw’iperereza Donatient  Ndayishimiye abicishike ku mugore wiwe.

Twobamenyeshako uwo munsi nyene wa 8 Ndamukiza 2022, umushikiranganji yariko avuga ivyo tubabwiyeko wari umusi wanyuma wo kwakira amadosiye y’abashoferi bazotwara amatagisi azoba afise application yindi yiwa « Taxi Munite » y’ishirahamwe BTM tutaramenya ivyayo nayo.