Burundi : Kirazira kikaziririzwa gutwara igitoro muma bido. Vyoba bigiye kworoha? 

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Jimmy Hatungimana yafashe ingingo yo kubuza abatwara igitoro mumabido mw’itangazo yashizeko umukono kur’uyu wa kane igenekerezo rya 14 ndamukiza 2022.

« Kirazira kikaziririzwa gutwara igitoro mu mabido kiretse uwabirekuriwe n’ubushikiranganji bw’amazi, amasoko ntanganguu, ubutare n’agataka. Uwutazovyubahiriza azohanwa bikomeye. » Ivyo dusoma mur’iryo tangazo Jimmy Hatungimana, umukuru w’igisagara ca Bujumbura yashizeko umukono.

Tubamenyesheko hari abantu benshi bakoresha amabido mukugura igitoro bashira muma groupes electrogènes, amamoto n’ama Tuk Tuk no gushira muma koroboyi iyo amatara yacitse, mur’ino misi akaba acikagurika cane.

Ntawuziko ubushikiranganji bwavuzwe ko uwo mukuru w’igisagara ca Bujumbura yafashe ingingo bavuganye kuburyo buzoca buronka akanya n’abakozi bo gutanga impusha zo gutwara igitoro mu ma bido .