Burundi : Urupfu rwa Joël Nindorera vyavuzweko yishwe n’inzara rubandanya kunyegurura ivyari vyaragizwe ibanga

Burundi, amakuru

Inyuma y’urupfu rwa Joël Nindorera, umunyeshure yahora yiga muri kaminuza y’uburundi kw’igenekerezo rya 21 Ndamukiza 2021 aho vyavuzweko yoba yishwe n’inzara, habandanya hashirwa ahabona ibitari bike vyerekeye ingurane ihabwa abanyeshure bo muri kaminuza (Prêt-Bourse). Uno munsi hamenyekanyeko ku mafaranga akenewe arenga umuriyaridi (1 milliard de francs burundais) hamaze kuboneka ayatarenga imiriyoni ijana na mirongo itatu na zindatu(136 millions de franc Burundi).

Ikinyamakuru Itara Burundi turi mubashikirje amaku y’urupfu rwa Joël Nindorera uwo akaba yapfuye amaze amezi atandatu atararonswa ingurane yomufashije kwiga, akaba yafubanywe iteka kuwa 27 Ndamukiza 2021 mu ntara ya Cankuzo avukamwo. Umuntu asomye ivyanditswe na Jean Claude Karerwa Ndenzako kurubuga rwiwe rwa facebook aho yari yaramutse ashira ahabona ivyatohoje n’ibiro vya politike n’imibano asanzwe arongoye mubiro vy’umukuru w’igihugu: Ingurane abanyeshure ba kaminuza iboneka biciye kure kandi amafaranga ntakwiye, avugako imiriyoni ijana na mirongo itatu na zitandatu ariyo amaze kuboneka muyarenga umuriyaridi w’amafaranga y’amarundi akenewe kugira abanyeshure baronswe ingurane bose uko bategekanijwe.

Hari amakuru ikinyamakuru Itara Burundi dusanzwe dufise haraheze imisi tutashimye gushira ahabona kumvo z’umutekano w’amafaranga abitswa muri Poste ariko kubera muvyavuzwe na Jean Claude Karerwa Ndenzako bituma ingurane ihabwa abanyeshure iteba atari muri POSTE honyene bitebera, tubandanya kuyitondera. Naho ayo mafaranga yoramuka abonetse vuba mukigega ca reta, kugira atabare abanyeshure bugarijwe n’inzara ntivyokworoha. Yagiriyeko atanga intererano(recommandations) kugira abanyeshure bashobore kuroswa ingurane vyoroshe kandi kugihe, murizo akaba yasavye abanyeshure kubandanya babeshuza ikinyoma cakwiragijewe kumbuga ngurukana bumenyi ko umuhisi Joël Nindorera yoba yahitanywe n’inzara avugako gicafuza uburundi.

Tubamenyesheko bivugwako abanyeshure bakatwa amarafanga 2500 kukwezi kungurane baronswa na reta mugihe hari amabanki yoba yaremeye ko amafaranga y’abanyeshure ahacishijwe bokwaka amafaranga make ariko bikaba vyaranseko abanyeshure bayaronkera bayaronkerayo kuva 2019.