Burundi : Umuriro wadutse i Bujumbura

Burundi

Kuri uno wa mbere igenekerezo rya 24 nzero 2022, mu gisagara ca Bujumbura, umugwa mukuru w’ubutunzi w’igihugu c’u Burundi harutse umuriro munzu z’ukudandarizamwo bita Galerie Mandela.

Nk’uko amakuru dukura i Bujumbura abivuga, hadutse umuriro atawuzi ico wavuyeko munzu z’idandarizo bita Galerie Mandela iri kw’ibarabara ryitiriwe umugambwe UPRONA. Ivyahonekariye ntibiramenyekana.

Burundi
Amazu y’ukudandarizamwo agize Galerie Mandela mu gisagara ca Bujumbura

Tubamenyesheko  iyo galerie iroye kur’utonde rw’amasoko n’ubudandarizo vyinshi bimaze gusha mur’ino myaka turenganye atawuzi aho umuriro uba wavuye ndetse na T2000 y’abashinwa iri hafi yayo ikaba yarahuye n’ico kibazo.