I Gitega hadutse ikibazo kubashaka kwubaka

Burundi

Buramatari w’intara ya Gitega, umugwa mukuru wa politike w’uburundi,  Vénant Manirambona yagirisheje inama abarongoye ibisata biraba ivy’inyubako hamwe n’abajejwe intwaro kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 12 mukakaro 2022. yagabishije abariko bategura kwubaka  imbere y’uko abahinga biga igicapo gishasha c’ico gisagara.

Mu bubazo yabajijwe ahejeje gushikiriza ivyo harimwo ivy’abasore bariko bitegura kwubaka amazu kugira bashinge imiryango.

« Abasore bazorindira kwubaka gushika ryari? None OBUHA boca bakwega ibirenge mugucapa bizogenda gute?….  » Bimwe mubibazo vyabajijwe buramatari.

Buramatari asaba abajejwe intwaro gusigurira abanyagihugu ko Gitega hazoba hari igicapo gishasha  c’amazu yubatswe kumwe. Akavugako abadashoboye kwubaka ico kibazo gifise umuti atangorane giteye.

Iyo ngingo muyumva gute?