Burundi: Vy’ukuri umunyororo yaraye yiciye ururimi?

Burundi, amakuru

Kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 05 Rusama 2021 twaronse amakuru avugako hari umunyororo wo mw’ibohero rikuru rya Gitega « yaraye yiciye ururimi kubera atagabanirijwe igihano kugira arekurwe nk’abandi bari baronse ikigongwe c’umukuru w’igihugu. »

Caricature y’umunyororo bivugwako yiciye ururimi kw’igenekerezo rya 04 rusama 2021 mw’ibohero rikuru ry’i Gitega

Mugihe vyoba vyaraye bibaye nk’uko twabironse ntacotangaza kuko ikinyamakuru Itara Burundi tumaze imisi twumvako abanyororo benshi bidoga ko hari abo imanza zabo zadindijwe n’amasentare zirimwo, sentare ntahinyuzwa hamwe na Gasambura manza bigatuma benshi bapfungwa igihe kirekire bataraburana. Hari n’ababwigwako dosiye zabo zazimiye. Igihe habaye igongwe c’umukuru w’igihugu naho ugasanga abasangiye dosiye bamwe baratashe abandi bagumijwe mumabohero.

Ubu butumwa bw’abanyororo bavugako barenganijwe basavyeko abafise amajwi ashika kure harimwo ikinyamakuru Itara Burundi ko bosemerera kugira n’umukuru w’igihugu bumushikire abone uko ubutungane bwifashe mu Burundi uko aheze afate ingingo zibereye:

“Twebwe turi abanyororo bungururije imanza, muri cours d’appel no muri cours suprême, nukuri akarenganyo turiko turakorerwa n’akambaro k’ibara. Iyumvire mu masentare y’igihugu  atandukanye PNUD yaratanze aba avocats baburanira abanyororo kuko turetse kubesha kubesha abantu benshi bari mu mabohero atandukanye bapfungiwe ubusa kubera kutamenya amategeko no kumenya kuburana. Ariko ngo urubanza rurenze muri sentare z’igihugu ngo niwe wimenya ico n’icambere, nokurizo zikiri muri sentare z’igihugu vyamaze umwanya urume rumara.

Ariko ahari ingorane kugera ubu ntanarimwe bigera barungika umugwi w’ubutungane uraba ko abunguruje bose iyunguruzwa ryakiwe, muri code des procédure pénales  havuga ko umuntu bamupfunga mumvo 4 harimwo:

– Kumwegereza ubutungane kugira bamukeneye biborohere;

None ko benshi abayobozi b’amabohero babasinyira impapuro zo kunguruza ntibazibadeporeze aho bungururije none baba bazi ko kira muntu wese apfungwa afise ab’iwabo baza kubimutwarira mu butungane. Nukuri harakwiye ko buri mezi 3, ubuyobozi bw’ubutungane bugira décente sur les prisons kugira batosore utwo tunenge tuba tuhari umunyavyaha agahanirwa ivyo yagiruye, n’amasango akubahirizwa. Ikintwenza n’abasiturirako imizigo abantu iyo bashikiwe mbona baboroga.

Hari akajegeza ka sentare ntahinyuzwa, iyo urubanza rushitseyo iyo udafise inka ubaga, upfungwa entre 5ans à 10ans atanakayambu, ukaza ubona uwufise uwiwe barusambuye, n’umu greffier wa cour suprême arya ruswa gusumvya procureur w’intara.

None ubutungane baratubwira ko babushize mubisata vy’abikorera ivyabo, vyoba vyiza kuko niho hantu nabonye abantu bahakora na Ndirakobuca Gervais atoshobora kuko baba bafise inguvu n’amanyanga asumba ubushobozi bwa leta, mbe none wovuga gute igituma atabacamanza bapfungwa n’amanyanga bakora ku murango ryaka, ubu hariho terume yeze mu butungane ngo  » Umuntu niwe yiyeza » har’isentare nabonye arinkanje ntwara ubutungane bose noca ndabapfunga, ni sentare isubiramwo imanza ya ngozi, turiko turihweza ibintu n’ibindi: ubonye condamnation ( signification de jugement baha umuntu yasomewe urubanza muriyo sentare, kugira ntiberekane ruswa ruharirirwa, usanga zanditseko ngo :  » Sentare isubiramwo imanza ya ngozi, ikomeje igihano ça sentare y’igihugu ya …..)

Nukuri abagabo ba niryo baracabaho kweri, kurizo mpapuro ntuzomenya abari bagize intahe kugira naho hoba amatohoza ntibazomenye abariye ruswa, ariko ubonye ama signification ya za sentare z’intango, oya n’a cours suprême nukuri urabona banditse ibisabwa vyose ( umusi sentare yakira urubanza mw’iyandikiro ry’imanza, igenekerezo umushikirizamanza yakira iyunguruzwa,…oya ukabona bamwe n’abandi uruhara barugizemwo, ariko akamaramaza n’isentare zisubiramwo, twatanze akarorero ki ngozi kuko ariho twabonye akamaramaza ( ariko har’umucamanza waho yatubwiye ko nabo bitabavako ko ar’umugore ayitwara utari umu Pentecôte atajambo uba ufise muri délibération y’imanza kandi ko organisation interne ariwe yoyibazwa, icadutangaje nuko ngo iyo sentare irenganya nkuko, ngo niyo baha amanota menshi ngo mugukora neza, umuntu akibaza, ati none leta irashima amanyanga ikora, ati mbega boba bakorera ku mategeko yavuye hejuru nkababandi? N’ukuri ubutungane burakwiye guhagurukirwa, bagahana uwagiriye icaha, bibaye ngombwa bokongeza vulurance ).

Tukarangiza dusaba ko umushikiranganji yoshiraho itegeko rya kuburanisha imanza zivyaha kurya sentare z’igihugu zibikora hakaba indwi yihariye ( ku manza za kera ziri muri sentare zisubiramwo n’a sentare ntahinyuzwa nukuri vyoba vyiza, none ko usanga umuntu yafatanywe itonga, akemera urubanza, usanga yitaha weho atanukuganywa ataniki, none ubwo nibwo butungane bw’igihugu kiririmba  ko kimaze plus de demi siècle ? Iyumvire nk’ikigongwe giherutse gutangwa abakoze 1/4 de la peine barabagabanirije umunyororo n’a 2, ariko ukiburana ntanakayambu. Hari nabari bafise iminyororo mito bitahuye, naw ugasigaramwo none ubwo nibwo butungane ?

Hari nabasigayemwo kubera amahera, mbe burya muri prison hariyo akazi uba agiye guca amahera uzoriha uwagufungishije, nk’uwayivye ni Sawa kuko aba yasigaye arakora, mbe nk’indishi y’umuntu harinaho bayagushirako banakurenganije, mbe ko twakuze bavuga ko buzima bwa kiremwa muntu ar’itunga ridasumwa  canke ngo rishumbushwe ubu basigaye bariha umuntu, kiramvu ati uwuzoramba azobona!

Nukuri ntanumwe yomara 10ans de prison yoronka plus d’1 million no mugihugu aboyaronka wabaharuza intoke.

Ico nohanura leta, niyige imirimo n’imyuga yozanira inyungu igihugu n’abanyororo kuko  » la tête inoccupée est l’atelier du diable », jew ndavye abanyororo benshi bafise inguvu zisumba n’iz’abari mu gihugu, ariko hari n’uwatubwiye ko ahenshi n’imyuga bakorera mu mabohero ijamwo ka mwana wa mama, ruswa, n’ibindi, leta nifate abanyororo ibashire mu myuga itandukanye ivy’ikoze bishogwe mu Burundi no mu makungu, nabone nibataha bazotahe bafise ico bimarira, apana kuguma kubibuguzo, dame , n’akamari, none uyo muntu nubwo yosubira mu gihugu azomarira iki igihugu, twaratangaye, abantu bapfunzwe plus de 90% ntibazi gusoma no kwandika, none bazoreka kuguma bagaruka gute batigeze babigisha uko bobaho, none mu Burundi turafise abantu biyumvira bize amashure, nukuri uwovuga ryorenga, abafise amatwi ni bumve, yarabareka guhindura ibintu mugabo inkurikizi nawe zikagushikira.

Har’umutegetsi umwe yatanze itegeko ryo kudatunga téléphone muri prison, harageze nawe rya prison arizamwo wanashaka n’ubu apfungiwe i …..ashitse kuri corps bamusaka ivyo afise vyose naya phone irimwo ateye igere bati soma uwasinye harya asanga niwe.😁😁😁😁   Rero tunganiriza bose kuko nawe ejo vyohinduka nawe ugashikirwa, kera abagore nibo batapfungwa ariko sinzi ko ariko bikimeze.

Murakoze niharambe ubutungane budakumira, twiyamiriza babagabo  » NIRYO » intahe iragatsinda.”

Tubamenyesheko bivugwako abanyororo basigaye inyuma y’ikigongwe c’umukuru w’igihugu co kuwa 05 ntwarante 2021 boba barenga ibihumbi icenda(9000Prisonniers) mumabohero azwi murabo benshi imanza zikaba zaradindiye bari kuba barateshe mubandi iyo ziva munzira.