Burundi: Yatowe ikiziga imbere ya Cathédrale Regina Mundi

Kur’uyu wa kane igenekerezo rya 24 nyakanga 2020, abantu bazinditse basanga ikiziga c’umugabo w’imyaka yababa 50 yishwe kiryamye imbere ya Cathédrale Regina Mundi mu gisagara ca Bujumbura.

Amakuru ashikira ikinyamakuru itara Burundi atumenyeshako uwo mugabo yishwe yitwa Déogratias Havyarimana, avuka i Mukike muri komine Mugamba intara ya Bururi akaba yakora akazi ko gufasha abatangakori (Déclarant).
Uwo Déogratias Havyarimana akaba yahora ari umupolisi imbere yuko aja gukora muri douane, bikavugwako yanigeze kuba mubacungera Celestin Mizero, yahora atwara douane munyuma aza kuvamwo aho OBR iziye 2010 ariko guca akora ako kazi kubu déclarant.
Déogratias Havyarimana yari umugabo abana n’abandi neza, asize umugore n’abana batari munsi ya bane. Tubamenyesheko gushika mumasambiri z’igitondo ikiziga ciwe cari kikiri aho imbere ya Cathédrale kandi ko abahoze mugisoda n’igipilisi vyarwanye n’umuhari FDD ariwo mugambwe CNDDFDD uri kubutegetsi bamaze imisi nafatwa bagapfungwa abandi bakagandagurwa nkuko.