Hari abana bavutse bafatanye bakeneye gufatanurwa.

Hari umugore wo muntara ya Ruyigi yibarutse abana bafatanye munda(bébés siamois mururimi rw’igifaransa) baciye bajanwa mubitaro vya Roi Khared i Bujumbura gukurikiranirwayo kuwagatanu w’indwi iheze.
Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, abo bana bashikijwe ahakurikiranirwa abana bavutse (Néonathologie) amagara yabo yifashe neza bose kandi barashobora kuzofatanurwa habonetse abaganga b’abahinga, bidakunze bagakurana uko bavutse.

Isanamu y’abana babiri bavutse bafatanye muntara ya Ruyigi kundwi iheze.

Abaduhaye amakuru bakaba bizerako ayo mahasa yavutse afatanye azoshobora gufatanurwa, bakizerako naho uburyo bwo kubikora bworengera imuryango yabo, bizerako reta mvyeyi, reta nkozi izoterera agacumu kubumwe kugira abo bana bigihugu bavuzwe nk’uko yama yafashije abashitsweko n”ibidasanzwe.
Twobamenyeshako abanyagihugu bo mu Ruyigi bakibibona baguye igihumura ngo n’imisi y’iherezo ariko ivy’abana bavuka bafatanye bikaba ari ibintu vyama bibaho kw’isi kandi hari n’aho twasomye ko hari abana babiri bashoboye gufatanurwa mubitaro vyo mu bufaransa vyitwa Hôpital Necker, bishobora gufasha abafise ico baterera kugira abo bana bavuzwe.