Umubano w’uburusiya n’uburundi utanguye gucumbagira.

Mw’ikete Dr Edouard Bizimana , umuserukizi w’uburundi  mu gihugu c’uburusiya yanditse kw’igenekerezo rya 26 Munyonyo 2020, asaba uwutwara umurwi w’abaserukira ibihugu vya afrika mu burusiya ko yokoranya inama idasanzwe vyihuta.

Akavugako iyo nama yobahuza n’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’uburusiya n’amakungu yosigurwa n’iyicwa ry’abanyeshure b’abarundi batatu bigaho mu burusiya mu kiringo c’umwaka umwe. Ni mugihe hari n’umurundi yize mu burusiya yongera akorana nabo aherutse kwicirwa iwe mu Gasekebuye, zone Musaga mu gisagara ca Bujumbura kundwi iheze.

Muri iryo kete, ambasaderi w’uburundi mu burusiya akaba ashakako hokwigwa kubijanye n’umutekano w’abanyeshure b’abanyafrika biga mu Burusiya hamwe n’icokorwa kugira baremeshwe hongere higwe n’uko umubano w’ibihugu vya afrika n’uburusiya wobandanya umeze neza.

Isanamu ya  Prosper Harerimana, umunyeshure w’umurundi yapfuye muri Myandagaro 2019 mugisagara co mu Burusiya citwa Kolomma. 
 Jolivet Makoroka, yapfuye giturumbuka, urupfu rwiwe rukamenyeshwa n’ubuserukizi bw’uburundi mu burusiya kuwa 25 gitugutu 2020
Isanamu y’umuhisi Egide  Nkengurutse Egide, umunyeshure yapfuye yiga mumwaka wa kabiri wo kunonosora ivyerekeye ubutunzi kw’ishure ryigisha ivy’ubutunzi i Moscou mu burusiya, urupfu rwiwe rwamenyeshejwe n’ubuserukizi bw’uburusiya kuwa 20 munyongo 2020
Isanamu ya  Thierry Kubwimana,  yiciwe mu cumba iwe ahaba mu Gasekebuye zone Musaga mu gisagara ca Bujumbura kuwa 25 munyonyo 2020  

Uyo mugabo w’imyaka 29 akaba yishwe arashwe n’abantu babiri bamusanze mu cumba iwe nk’uko vyavuzwe na Pierre Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere ridakumira. Thierry yapfuye asize umugore bari bafitaniye umwana umwe w’amezi ane. Uwo Thierry akaba yarize mu burusiya munyuma akorana n’abarusiya mubijanye n’urudandazwa rw’inzahabu imbere yo kwikorera ivyiwe.

Kuwa 28 gitugutu 2020, abarundi bari mu burusiya barashize amashurwe mu kibanza cagandaguriwemwo umunyeshure w’umurundi yitwa Makoroka Jolivet avuka mu ntara ya Ruyigi, hongera haba urugendo rw’agacerere

« Urupfu rwa Nkengurutse Egide mu Burusiya: Ubuserukizi bw’uburundi i Moscou buguma burwanira ko bworonswa ikiziga c’uwo munyeshure. Buriyamiriza ivyanditswe n’igipolisi kivuga ngo “ Ikiziga c’uwo munyeshure catowe ahantu hataramenyekana”, »

ivyo vyanditswe n’ubuserukizi bw’uburundi mu burusiya kuwa 27 munyonyo 2020 kurubuga rwabwo rwa Twitter.

Inyuma yo kwandika ivyo, Dr Edouard Bizimana aserukira uburundi muburusiya na Dmitry Shtykhno, icegera c’umukuru wa kamiruza yomu burusiya yigisha ivy’ubutunzi bakaba barabonanye kugira bavugane ivy’urupfu rwa Nkengurutse twababwiye.

Ubuserukizi bw’uburundi mu Burusiya bukabandanya bwibaza ibibazo buvugako bitagira inyishu :

 « Urupapuro rw’igipolisi ruvuga urupfu rw’umunyeshure (Nkengurutse) rwatumye twibaza ibibazo bikomeye cane :

  1. Rusehabaniha yakuye umunyeshure mucumba ciwe imujanye kuvuzwa vyihuta yoba yaciye umuta ahantu ?
  2. Kuberiki igipolisi cabanje kuza kugira ikiziga c’umuntu yamaze kumenyekana imyidondoro yiwe kivanwe mu bitaro kijanwe muburuhukiro ?
  3. Ibitaro vyakiriye umurwayi canke ikiziga bimuhawe nande ? Vyamuhawe n’igipolisi canke uwatwara rusehabaniha yamukuye mu cumba ciwe kuri kaminuza ikamutwara…..?

Ubuserukizi bw’uburundi mu burusiya butegerezwa kuronswa inyishu y’ibibazo vyose naho dushobora kubizira .»

Ivyo vyanditswe n’ubuserukizi bw’uburundi mu burusiya ejo kw’igenekerezo rya 28 munyonyo 2020.

Twobamenyeshako iyo migenderanire hagati y’uburundi n’uburusiya iriko itosekara ubu mugihe mur’iyi myaka iheze ivyo bihugu vyari akadasohoka gushika naho kuva mukwa kabiri  2018 abategetsi bivyo bihugu batagisabwa uruhusha rwo kwinjira(Visa) mur’ivyo bigugu, nkuko vyashikirijwe n’uwaserukira uburusiya mu Burundi, M. Todoua ahejeje gusinya amasezerano atari make n’uburundi; La Russie et le Burundi signent un accord d’exemption de visa – Le Courrier du VietNam

Amasezerano menshi ahuza uburundi n’uburusiya akaba yerekeye kwimba ubutare hamwe n’ivy’iterambere.

Signature des accords modifiés dans le cadre du projet de construction de la (…) – MINISTERE DE L’HYDRAULIQUE, DE L’ENERGIE ET DES MINES (gov.bi)

Umwe mubaharanira agateka ka zina muntu yavuganye n’ikinyamakuru Itara Burundi, akavugako igihugu c’uburundi kitoshobora kubaho kidafise imigenderanire myiza n’uburusiya hamwe n’ubushinwa. Akavugako imigenderanire yavyo yotosekara mugihe ivyo bihugu vyoza gufasha ivyo guharanira agateka ka zina muntu mu Burundi nayo ahandi ko atakizotuma uburusiya bureka kubandanya bwimba inzahabu zo mu Burundi.