Kumena amaso vyabaye ndanse mugisirikare c’u #Burundi

Kugurana amafaranga yunguka umurengera, ivyo bita « Banque Lambert » abandi bakavyita « Kumena amaso » vyabaye ndanse mugihugu ngo bishike mugisirikare c’uburundi ho birimonogoza mur’ino minsi.

Amakuru dukura mu gisirikare c’uburundi FDNB, atumenyeshako hari abasirikare bakuru bakuru bashize imutahe muri urwo rudandazwa rutemewe n’amategeko rwo kugurana amafaranga yunguka umurengera bihetse inyuma yabo batwara.

Haseruka abasirikare batobato mu ma pete, abo nabo uwubatumye kumuguranira amafaranga bagaheza bagakurako nabo inyungu zabo. Abasirikare bavuganye n’ikinyakuru Itara Burundi bamenyesha ko umuntu aguranywe umuriyoni w’amafaranga y’amarundi (F 1 000 000) bashobora kwandikiranira n’uwuyamuguranye ko ahawe imiriyoni zitatu (F3 000 000) mukiringo c’ukwezi, abiri canke kugeza aho bazotangira amafaranga ya misiyo bivanye numwumvikano.

Ariko naho ivyo bikorwa mw’ibanga ntangere, ntibibuzako uwurengeje ikiringo bandikiraniye atarishura umwenda w’abandi asanga konte yiwe yugawe, ubonako abasirikare bose bategetswe guhemberwa muri CECAD na BANCOBU kubagiye muri misiyo.

Bamwe ndetse bakibaza ko ariyo mpamvu abasirikare bagiye muri misiyo batigera bahemberwa rimwe amafaranga bakoreye canke ngo bayabahe akwiye. Bagatanga akarorero kabagiye muri Centrafrique bandikirwa igihumbi n’amajana ane y’amadorari y’abanyamerika (1400$) kukwezi nukuvuga (F3 900 000 kuri magendo na F2 500 000 muri BRB) ariko hageze guhembwa bagahembwa umuriyoni n’ibihumbi amajana abiri y’amafaranga y’amarundi (F1 200 000) kukwezi nahone baheranwa amezi umunani bakayahembwa ibicebice(amazi abiri abiri, kumwe, gurtyo gurtyo.)

Ntitwashoboye kuronka abagirizwa urwo rudandazwa ngo tubabaze ivyo bagirizwa kuko abaduhaye amakuru bemezako bigirwa nabasirikare b’amapeta yo hejuru nk’aba coloneri kuduga batigera baseruka.