Rwanda: Isozerwa ry’umwaka w’ishuri wa 2019 ku bana biga muri Maternelle ya Maison Shalom

Ikigo Maison Shalom giherutse gutanga amanota asozera umwaka w’ishuri 2019 ku bana bato b’impunzi bakurikirana ivyirwa vya maternelle.

Ku musi wa gatanu igenekerezo rya 8 Munyonyo, Nkuko vyari bisanzwe bitegekanijwe ku kirangamisi c’ivyirwa mu gihugu c’Urwanda, ishirahamwe maison Shalom rikorera mu Kigo Oisis of peace ryararonkeje amanota ku bana bato 106 bari hagati y’imyaka 3 n’imyaka 5 basanzwe bakurikiranira ivyirwa vy’intango, dusanzwe twita Maternelle mu rurimi rw’igifaransa, muri ico kigo.

Muri abo bana, 35 bakaba bazokwungururizwa mu mwaka wa mbere w’amashuri y’intango azwi kwizina rya Primaire. Abavyeyi b’abana barerewe muri ico kigo bakaba banezererewe ico gikorwa ciza, bakanashimira cane ico kigo Maison shalom. Abo bana 106 biga bakanafungurirwa n’ikigo maison shalom, 48 muribo bakaba basanzwe bunguruzwa n’imodoka z’ubwoko bwa bus, zibajana kwishuri zikanabatahana ku bufasha bw’ico kigo.

Maison shalom ikaba ifasha mu burezi bw’abana n’urwaruka rw’abarundi bahunze haba mu mashuri y’intango ayisumbuye na kaminuza, tutibagiye abakurikirana ivyirwa vy’imyuga, haba abari mu bisagara bitandukanye vy’igihugu c’Urwanda n’abari mw’ikambi y’impunzi ya Mahama.