Burundi: Ibura ry’amafaranga y’agaciro rigiye guhuhura ubutunzi bw’igihugu

Inyuma yaho umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ashiriyeho  inzego nshasha zirongora ibanki nkuru y’uburundi mukwezi wa munani 2022, harafashwe ingingo yo gusubira kwemerera urudandazwa rw’amafaranga y’agaciro rwari rumaze imyaka ibiri rutemewe ariko n’ubu ibiciro vyayo bikaba biri hejuru cane. Abasuma boba baciye bikika mukiza bagahenda abantu ko kubika amafaranga muri Bitcoin ariwo muti, aho yaciye arushaho kubura.

Amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi avugako hambavu y’abavunjayi batswe amafaranga menshi n’ibanki nkuru nk’ingwati kugira basubire gukora  bigatuma ibiciro biguma biri hejuru kugira bayisubize, hari n’abasuma bagisibije bigisha abantu ko kugira amafaranga y’agaciro aboneke ko ari kuyashira muri Bitcoin, Trading,…. Aha ishirahamwe BERRY rikaba ribica bigacika mur’iyi misi. Ivyo vy’abarondera amafaranga y’agaciro  atarudandazwa rwo kwiteza imbere barimwo bigatuma abayakenera baja kurangura ibidandazwa bayabura nk’uko umuhinga muvy’ubutunzi twavuganye abivuga, akavugako reta itameze magabo ishobora kunanirwa gutunganya ivy’ubutunzi.

Hari n’amajambo yavuzwe n’umukuru w’igihugu ko amafaranga yanyegejwe mumazu ko ashobora kuyahindura ibikaratasi, bikavurwako abari bayabitse yabahaye akanya ko kwiyumvira bagaca bayavunjisha ngo bayabike mumafaranga y’agaciro, ico naco kikaba ari ikindi kivugwa mubituma amafaranga y’agaciro abandanya azimba aho kuzimbura.

Hakaba n’abavugako akenye kubera BRB yankiye benshi bari basavye kuyadandaza hakemererwa bake cane badashobora gukwiza abayakeneye. Ivyo biruko mugihe abasoda baja mubutumwa bwo kugarukana amahoro hanze bagikorera amafaranga y’agaciro ariko ntabashikire, imyidogo ibandanya igwira kuburyo atagikozwe bishobora kuba mubizokwega intambara mu Burundi.