Burundi : Ibarabara rihuza imirwa mikuru y’uburundi ryacitse.

Kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 18 munyonyo 2020 ibarabara riva i Bujumbura ku murwa mukuru w’ubutunzi rija i Gitega ku murwa mukuru wa politike ryacitse, abiyunguruza bakaba barinda kuzunguruka kugira bashike iyo baja.

Nkuko amakura ashikira ikinyamakuru Itara Burundi yagiye arabivuga, amabarabara menshi ariko arasiduka kubera imvura nyinshi imaze imisi kandi akaba ashaje ayatari make.
Tukabamenyeshako kuva mukwa gatandatu 2019 gushika ubu ikigo ca reta gishinzwe inyubako OBUHA cosanuye ayo mabarabara kitararonka abakozi cemerako ari abaco, ikibazo kikaba coba gitegekanijwe kuwa 12 kigarama 2020 aho hazobanza kwirukanwa abafise uburambe n’abashaje bahora mumashirahamwe 6 yateranijwe kugira gishingwe kiretse bamwe bivugwako bashobora kubandanya.
Abakozi ba OBUHA bakaba bafise ubwoba kandi n’uburyo bwo gukora bakaburonka bigoranye kuko babwirwako bakorera amashirahamwe yafuswe haraheze umwaka n’igice, aha mwokwibuka SETEMU, ECOSAT, URBANISME….