Urwaruka rusigaye rwubaka rubicishije kuri internet

Burundi

Muri ikigihe ubuhinga bwa none bwo guhanahana amakuru bukoreshwa cane n’abatari bake, hari bamwe mu rwaruka bemeza ko babwifashisha mukuronka abakunzi bazobana ubuzima bwabo bwose.

Bamenyesha ko ubu bitakiri nka kera aho abantu bamenyana kubera bafise ivyo bahuriyeko nko kwiga hamwe, kubana muri karitiye, canke gukorana kukazi, gusengera hamwe n’ahandi. Imbuga hwaniro nka Facebook  ngo bimaze guhuza benshi mbere ndetse ngo bikagera n ‘aho abamenyaniye kuri izo mbuga bashinga imiryango.

« Naraye nteresharije (Télécherger) umugore/Umugabo » Imvugo igezweho y’abubatse ingo bahuriye kumbuga ngurukanabumenyi.

Ingo zubatswe n’abantu bahuriye kuri izo mbuga zoba zirama?

Abaganiriye n’ikinyamakuru Itara Burundi bavuga ko ingo z’ abamenyaniye kuri izombuga zishobora gukomera bakabana mumahoro nk’uko hari n’abagumana amakenga mukuvuga ko abantu badafata igihe gikwiye co kumenyana bigatuma batabana neza.

Abavuga ibi ngo basanga ubucuti ben’ubu ari ibitamenyerewe mumico y’ ikirundi ari naco gituma bavuga ko bidakwiye guhurumbirwa.

Wewe aho uhereye hari abantu uzi bakoze ubugani kandi bamenyaniye kumbuga ngurukanabumenyi?