Burundi : Mwoba mwari muziko amakara ashorwa hanze ?

Haraheze imisi ibiciro vy’amakara biduga kurugero ruteye ubwoba kuburyo i Bujumbura kumurwa mukuru w’ubutunzi w’uburundi umufuko umwe ushobora kurenza 35000FBu. Mubituma amakara azimba hoba harimwo ko asigaye ashorwa hanze kunyungu z’akagwi ko mu bushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije batanga uruhusha kandi babonako amakara akenye mu Burundi.

Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, hari urudandazwa rw’amakara ashorwa mumahanga aciye mukiyaga ca Tanganyika hamwe no mumabarabara ajabuka muri Tanzaniya na Congo kandi abayashora bakaba baba bafise impapuro zibibemerera. Ivyo bikaba biruko mugihe abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura bamaze igihe bidogako amakara yadugije ibeye kandi agoye kuronka.

« None yoteba akayoberwa ibibera mu bushikiranganji arongoye? » Iyo ikaba ari inyishu twahawe migihe twariko tubazako umushikiranganji Déo Guide Rurema arongoye ubushikiranganji twababiye.

Ukwirengagiza gufata ingingo kw’ umushikiranganji ajejwe uburimyi, ubworozi  n’ibidukikije Deo Guide Rurema bikaba bitera amakenga abatari bake.