Burundi : Mw’isoko ryo mu Ruvumera « basigaje kuvandereza isima, amabati n’ivyuma »

Twarigeze kubabwira amakuru y’akajagari karangwa mw’isoko ryo mu Ruvumera muri zone Buyenzi, komine Mukaza mu gisagara ca Bujumbura katerwa n’abatembereza ibidandazwa bafadikanije n’uwararirongoye  Léonidas Minani ubu yasubijwe gukorera muri Marie ya Bujumbura.  Elysé Ngayempore yamusubiriye wewe bivugwako yaciye yikatira uruhande rwiwe atorezamwo amahera ashira mumufuko wiwe aca arekura abavanderi bakorera ku mugaragaro.

Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, Elysé Ngayempore komiseri w ‘isoko rya ruvumera ariko arenga kuvyo yashitse.  Abadandaza bariha ibibanza vyo kudandarizamwo bakavugako bakora bahomba kubera abakiriya batabashikira. Bavugako ivyakorwa na Léonidas Minani vyo bitari bwashike aho yikatira igihande c’isoko atorezamwo ayiwe.

Marché de Ruvumera

Ubu bikaba vyarunyutse, ikitavanderezwa akaba ari isima, amabati  ivyuma n’ibindi bidakunda gushira kurutugu.

Abadandaza bafise ibibanza mw’isoko ryo mu Ruvumera basaba reta kubaha agaciro ikabaha agahengwe nabo badandaze mukuronderara abatagira aho badandariza ibibanza muyandi masoko yoye gusasira indava ibiturire no kutubahiriza ingingo iba yafashwe.