Burundi: Ubutunzi bw’abahunze buriko bugurishwa icamunara.

Harategekanijwe igurishwa icamunara ry’ibikoresho ahahoze hari ibiro vy’umukuru w’igihugu mw’i Rohero mu gisagara ca Bujumbura kuva kuwa gatatu igenekerezo rya 11 gushika kuwa gatandatu igenekerezo rya 14 munyonyo 2020, ubushikiranganji bw’ubutungane bwatanze itangazo bukaba butavuze ibikoresho ivyarivyo.
Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, mur’ivyo bikoresho harwiriyemwo imodoka n’ama motos n’ibindi vy’abaharanira agateka ka zina muntu n’abanyepolitike bapfunzwe n’abahunze bagirizwa na reta gushaka gutembagaza ubutegetsi harimwo ivy’ishirahamwe Maison Shalom, abakozi baryo nabo bakaba barahunze igihugu kuva 2015.
Nk’uko tubisoma mur’iryo tangazo, umushikiranganje w’ubutungane Jeanine Nibizi avugako bizogurishwa “mu ntumbero yo kubungabunga ivyafashwe n’inzego z’ubutungane kugira ngo ntivyononekare ndetse bibandanye bigirira akamaro igihugu no gukinga inyuruzwa ryavyo” akongerako ko ubwo butungane bwisunze intwaro ibereye no kubungabunga itunga rusangi.
Twobamenyeshako havurwa ivyuma vyo gupima imigera (Microscopes) bishika 100 vyanyurujwe kuva 2015 mw’ishure ryigisha ubuganga vyo mu Ruyigi ryari ryashinzwe na Maison Shalom, ibikoresho vyaryo bikaba vyarafashwe na Reta mugihe uwashinze iryo shirahamwe Maragarita Barankitse yahunze igihugu ndetse akaba yagirizwa na reta kuba yari mubashatse gutembagaza ubutegetsi muri 2015 mugihe ahubwo amaze guhabwa ubushimwe butari buke kubera ibikorwa vyiza akorera abanyagihugu.